Uko wahagera

Tayiwani: Abakerarugendo 26 Bapfuye

Igitigiri c’abakerarugendo bamuka mu Bushinwa baja muri Tayiwani cabandanije kigabanuka kuv’aho Perezida Tsai agiriye k’ubutegetsi.
Igitigiri c’abakerarugendo bamuka mu Bushinwa baja muri Tayiwani cabandanije kigabanuka kuv’aho Perezida Tsai agiriye k’ubutegetsi.

Mu gihugu ca Tayiwani, ba mukerarugendo 26 barasize ubuzima mw’isanganya ry’imodoka yunguruza abantu ryabaye ejo k’umusi wa kabiri.

Igipolisi ca Tayiwani kivuga ko iyo busi yar’itwaye abo ba mukerarugendo ku kubuga c’indege mpuzamakungu ca Taipei Taoyuan, kiri mu bumanuko bw’umurwa mukuru Taipei, yataye ibarabara iseka inkingi ziri k’uruhande rw’ibarabara mu nyuma ica irasha.

Abashika kuri 24 muri bo bari abenegihugu b’igihugu c’Ubushinwa, abandi babiri n’abenegihugu ba Tayiwani. Batatu mur’abo bapfuye bari abana bafise imyaka 12 na 13.

Iryo sanganya rishobora gutosekaza imigenderanire hagati y’Ubushinwa na Tayiwani, imigenderanire atako yar’isanzwe yifashe kuv’aho Perezida Tsai Ing-wen atorewe mu kwezi kwa mbere.

Igitigiri c’abakerarugendo bamuka mu Bushinwa baja muri Tayiwani cabandanije kigabanuka kuv’aho Perezida Tsai agiriye k’ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG