Uko wahagera

HRW Iriyamiriza Afuganisitani ku Buzi bw'Abana


Abana ibihumbi n’ibihumbi, bari hagati y’imyaka itanu na cumi n’ine nibo baharugwa kuba bakora mu gihugu ca Afuganistani. Abo bana bakora ubuzi bugoye cane, buter’indwara, bushobora kubakomeretsa, eka mbere n’ukubica. Ivyo vyatangajwe n’Ishirahamwe ry’agateka ka zina muntu ryo muri Amerika, Human Rights Watch. Ni mu cegeranyo ryasohoye kur’uyu wa kane.

Ishirahamwe Human Rights Watch, rituma urutoke Reta ya Afugnastani ko yananiwe gukingira abo bana.

Fatih Ahmadzai, umuvugizi w’Umushikiranganji ajejwe ivy’akazi, imibano n’abatishoboye avuga ko Human Rights Watch ritagize amatohoza yayo neza, agahakana ko ibiharuro bitangwa atari vyo.

Umugwi ujejwe agateka ka zina muntu muri Afuganistani uvuga ko abana bashika ku miliyoni zibiri aribo bakora ubuzi rimwe na rimwe bushobora no kubahitana. Ivyo bigatumwa n’ubukene, ubushomeri bugwiriye, hamwe n’ubwicanyi bwatumye haba impfuvyi nyinshi.

Itegeko muri Afuganistani rivuga ko ata mwana arekuriwe gukora ari munsi y’imyaka 14. Amafaranga menshi y’igihugu akoreshwa mu bijanye n’umutekano, ibijanye n’imibano nko kwitaho ineza y’abana bigasigara inyuma.

Ishirahamwe Human Rights Watch risaba Reta n’abasanzwe bafasha ico gihugu gufasha mu gukingira abana na cane cane abakora ibikorwa bigoye, bakitaho indero yabo.

XS
SM
MD
LG