Uko wahagera

Turukiya Iriyamiriza Amakungu


Umushikiranganji wa mbere wa Turukiya, Binali Yildirim aragabisha amakungu mu kuvuga ariko afatira kubashatse gutembagaza ubutegetsi kugira batyoze ico gihugu.

N’inyuma y’aho igihugu ca Leta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’abakuru b’ibihugu bimwe bimwe vya Bulaya baneguriye igikenye kiriko kirakoreshwa na Turukiya mu gufata abakekwa kugira uruhara mur’uyo mugambi.

Ivyo yabishikirije kur’uyu musi wa kabiri. Yildirim amenyesha ko yahamagariye abanyagihugu biwe kwiyunga bakagira ubumwe.

Ariko naho avug’uko, Yildirim yavuze ko agiye kurandurana n’imizi umuhari urongowe n’umunyedini Fethullah Gulen, ari k’ubutaka bw’Amerika yagirizwa kuba ariwe yateguye uwo mugambi wo gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Amerika isaba Turukiya kwigengesera, ikisunga amategeko mu kugira amatohoza kubashatse gutembagaza ubutegetsi.

K’umusi wa mbere, sekreteri wa reta y’Amerika John Kerry, mugihe yari mu bubirigi ejo kuwa mbere yashikirije ko ashigikiye ko abagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi bakwiye kurengutswa ariko agabisha reta ya Turukiya kutarenza urugero mu kugarukana umutekano.

Yildirim yamenyesheje ko yashikirije inyandiko zisaba Amerika kurungika Gulen muri Turukiya, n’inyuma yaho Kerry yari yashikirije ko Amerika ikeneye ivyemeza bimwagiriza imbere yuko yiga ivyiwe.

XS
SM
MD
LG