Uko wahagera

Kenya: Abapolisi 4 Bagirijwe Ubwicanyi

Imyiyerekano y'abashikirizamanza ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi kw'italiki zitandatu z'ukwezi kw'indwi, umwaka w'i 2016, y'ukwiyamirizamarch iyicwa rya mugenzi wabo, Willie Kimani, umukiliya wiwe n'umudereva wa tagisi

Muri Kenya, ubutungane bwakubise intahe mu gahanga abapolisi bane kwaribo bishe umushikirizamanza Willie Kimani, n’uwo yaburanira Josephat Mwenda, hamwe n’umushoferi Joseph Muiruri.

Imigwi ijejwe agateka ka zina muntu ivuga ko imaze kugira amatohoza, igasanga hari abantu benshi, mu gihugu ca Kenya bicwa mur’ubwo buryo, atacamira. Ivyo, igipolisi ca Kenya kirabihakana.

Isaac Okero, umukuru w’Ishirahamwe ry’abashikirizamanza muri Kenya avuga ko ubwo bwicanyi buriho muri Kenya kandi ko bariko barabikurikirana. Okero avuga ko umushikirizamanza Kimani ariwe wa mbere apfuye mur’ubwo buryo, akavuga ko ivyashikiye Kimani bishobora gushika no kubandi bose.

Abo bagabo batatu bapfuye, biboneka ko bishwe babanje guhohotererwa ubuzima. Igipolisi ca Kenya ntaco kiravuga gushik’ubu.

XS
SM
MD
LG