Uko wahagera

Turukiya: Abayoboka Ubutegetsi Barigina Intsinzi


Umushikiranganji wa mbere wa Turukiya, Binali Yildrim yamenyesheje ko intwazangabo ziharurwa ku 2,839 arizo zari mu mugambi wo gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Amenyasha ko ibintu vyasubiye mu buryo, ko Turukiya kigiye gusubira mu buzima busanzwe.

Abategetsi bavuga ko abantu 265 nibo bahasize ubuzima, kuva k’umusi wa gatanu, bagizwe n’abasivile 161 hamwe n’104 mur’abo bashatse gutembagaza ubutegetsi.

Ariko abari hejuru y’ako kagwi kashatse guhirika ubutegetsi, mu butumwa bashikirije bwa email batangaje ko bakibandanya barwana.

Ikibuga c’indege c’I Istanbul casubiye gukora, ico k’umurwa mukuru Ankara naco ngo kigiye kwugururwa vuba.

XS
SM
MD
LG