Uko wahagera

Ubushinwa Bwongereje Inguvu za Gisirikare


Perezida w'Ubushinwa Xi Jinping
Perezida w'Ubushinwa Xi Jinping

Vyitezwe ko Ubushinwa bwongereza inguvu zabwo zagisirikare, mu karere k’ibahari kari mu bumanuko bw’igihugu.

Ico gihugu congereje amafranga gikoresha mu gisata c’ukwivuna abansi, muri rusangi, kugira gikomeze inguvu zaco mu karere.

Ivyo bibaye inyuma yuko sentare mpuzamakungu ntabanduka ijejwe gutatura amatati y’i La Haye, ifashe ingingo ivuga ko ukwiyitirira kw’Ubushinwa kw’igice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’igihugu bitagira ishingiro.

Iyo sentare yafashe iyo ngingo, mu rubanza rwari rwashingishijwe n’igihugu ca Filipine, cari cidogeye Ubushsinwa ko bwiyitiriye igice c’ubutaka bwaco.

Ubushinwa bwakoresheje amafranga menshi cane mu gikorwa c’ukwubaka amazinga, n’ibibanza abakozi bashobora kubamwo, mu gice c’ibahari kuri mu bumanuko bw’igihugu.

Abahinga mu vyerekeye kwivuna abansi batari bake, bavuga ko ingingo ya sentare mpuzamakungu ntabanduka ijejwe gutatura amatati y’i La Haye, izotuma ibindi bihugu vyyitirira ibice vyo mu gice c’ibahari iri mu bumanuko bw’Ubushinwa, vyongereza amafranga bikoresha mu gisata c’ukwivuna abansi.

Vietnam, Taiwan, Indonesia, Malaysia, Brunei na Filipine, vyose biriyitirira ibice vyo mu gice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’Ubushinwa, birimwo amafi n’amatungo yo mu butaka menshi.

XS
SM
MD
LG