Uko wahagera

USA: Donald Trump Yatangaje Icegera Ciwe


Donald Trump yatangaje ko bulamatari wa Reta ya Indiyana, Mike Pence, ariwe yagenye kuba icegera ciwe.
Donald Trump yatangaje ko bulamatari wa Reta ya Indiyana, Mike Pence, ariwe yagenye kuba icegera ciwe.

Donald Trump, abonwa ko ariwe azogenwa icese guserukira umugambwe wiwe w’Abarepublika mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yatangaje ko bulamatari wa Reta ya Indiyana, Mike Pence, ariwe yagenye kuba icegera ciwe.

Ivyo vyarangije urukurukuru rwari rumaze indwi zitari nke.

Trump, yatangaje iyo ngingo ku rubuga Twitter, mu gitondo c’uno musi ku wa gatanu.

Amenyesha ko anejerejejwe n’ukuba yatangaje ko yahisemmwo bulamatari, Mike Pence, kuba icegera ciwe. Trump, yamenyesheje ko azoha ikiganiro abamenyeshamakuru, mu gitdondo c’ejo ku musi wa gatandatu.

Ingingo y’uguhitamwo, Pence, ibonwa n’abantu benshi ko ari ingingo itumbereye.

Abandi bakandida bari bulamatari wa Reta ya New Jersey, Chris Christie, na Newt Gingrich, yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika.

Ingingo y’ugutangaza ko ahisemwo, Pence, kuba icegera ciwe ibaye imisi itatu imbere vy’ikoraniro rikuru ry’umugambwe w’Abarepublika, aho vyitezweko Donald Trump, azogenwa icese guserukira umugambwe w’Abarepublika, mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kw’icumi na rimwe.

XS
SM
MD
LG