Uko wahagera

Kerry na Putin Ku Gukorera Hamwe Muri Siriya


Kerry na Putin mu Burusiya
Kerry na Putin mu Burusiya

Sekereteri wa reta wa Leta zunze ubumwe z’Amerika, John Kerry ariko aragendera igihugu c’Uburusiya mu kigoro ko kurondera gukorera hamwe n'ico gihugu mu kurwanya iterabwoba muri Siriya.

Mur’ivyo biganiro Kerry yizeye ko we n’abategetsi b’Uburusiya bazoganira ku bibazo bitari bike.

Ariko amakuru amaze gushikirizwa n’ikinyamakuru Washington Post candikirwa muri Amerika avuga ko bagiye kuvugana ukuntu Uburusiya n’Amerika bokwiyunga mu kurwanya ISIS, Al Qaida n’iyindi mirwi y’abarwanyi muri Siriya.

XS
SM
MD
LG