Uko wahagera

Nigeriya Irageramiwe n'Ikibazo c'Inzara


Nigeriya kw'ikarata
Nigeriya kw'ikarata

Igihugu ca Nigeriya, gikeneye hafi y’imiliyoni ijana na mirongo itandatu na zine z’amadolari y’ugufasha gutuma abantu ibihumbi n’ibihumbi baticwa n’inzara, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Ivyo vyatangajwe n’umutegetsi ajejwe gukwirikirana ibikorwa vy’ugutabara, mw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U.

Ingwano ibandanya hagati y’igisirikare ca Nigeriya, n’umurwi Boko Haram’ niyo ibonwa ko iriko ituma ikibazo c’inzara gitera ciyongera, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Ingwano imaze imyaka indwi, muri Nigeriya, yarageramiye uburimyi n’amasoko. Yahitanye abantu barenga ibihumbi mirongo ibiri, abandi imiliyoni zinirin’ibihumbi amajana indwi barahunga, muri Nigeriya, n’ibihugu bibanyi vya Cameroun, Chad na Niger.

Toby Lanzer, umuyobozi akwirikirana ibikorwa vy’ugutabara vy’ishirahamwe O-N-U, mu karere ka Sahel, yabwiye Ijwi rya Amerika kw’abana bagera ku bihumbi amajana abiri na mringo itanu, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeriya, bageramiwe bikomeye n’ugufungura nabi.

Amenyesha kw’abana bagera ku bihumbi mirongo itanu bashobora gupfa bahitanywe n’inzara, imbere y’impera z’uyu mwaka, hamwe hatofatwa ingingo z’ukubatabara muri iki gihe.

Lanzer, avuga ko abatanga imfashanyo b’abanyamahanga bakeneye gufata ingingo z’ugutuma abantu ibihumbi n’ibihumbi baticwa n’inzara, muri Nigeriya.

Imiliyoni amajana abiri na mirongo ibiri n’umwe y’amadolari arakenewe gutororokanywa, ku bihugu bine bigeramiwe n’ingwano n’umurwi, Boko Haram, n’ikibazo c’ibifungurwa kiva kuri iyo ngwano.

XS
SM
MD
LG