Uko wahagera

Ban Ki-moon Yababajwe n'Igandagurwa rya Hafsa Mossi


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-moon yateye ivyatsi iyicwa rya Hafsa Mossi, yahoze ar’umushikiranganji w’Uburundi m’umuryango wa Afirika y’Ubuseruko, akaba apfuye yar’umushingamateka w’uwo muryango nyene.

Mw’itangazo yasohoye k’umugoroba w’ejo kuwa gatatu, Ban Ki-moon yarahojeje umuryango wa Hafsa Mossi. Yamenyesheje ko ubwo bwicanyi ata kindi buvyara atar’ugucanishamwo abarundi, gukomeza ukwinubana no guhungabanya ibihugu.

Ban Ki-moon amenyesha ari ngombwa ko hoshirwa inguvu mu kurondera umvumvikano uciye mu biganiro kandi asaba impande zose kubishiramwo ishaka riboneka.

Arangiza avuga ko ONU izobandanya gutanga ivya nkenerwa kugira ivyo biganiro bihagarikiwe n’ishirahamwe ry’umuryango w’ibihugu vya Afirika y’Ubuseruko, bifashijwemwo na Benjamin Mkapa yahoze arongoye Tanzaniya.

XS
SM
MD
LG