Uko wahagera

Besigye Yabwiye Abanywanyi Biwe Kutadebukirwa


Kizza Besigye ayoboye umugambwe FDC
Kizza Besigye ayoboye umugambwe FDC

Mu gihugu c’Ubuganda, Kizza Besigye ayoboye umugambwe FDC (Forum pour le changement democratique), yabwiye abanywanyi biwe kutadebukirwa. Ivyo yabivuze ku’uyu wa kabiri aho apfunguriwe amaze gutanga ingwati.

Besigye yari yaronse ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa ry’amatora y’umukuru w’Igihugu, araheza atangaza kwariwe mukuru w’Igihugu, bituma apfungwa. Umushikirizamanza yabwiye Besigye kudasubira kudurumbanya umutekano gushika urubanza gwiwe rucitse.

George Kanyeihamba, yahoze ar’umushikirizamanza muri Sentare nkuru y’Igihugu, yavuze ko umucamanza afise uburenganzira bwo kurekura umuntu abanje gutanga ingwati, na cane cane mu gihe ar’icaha co guhemuka.

Yavuze ariko ko abaganda barajwe’ishinga n’ibihano bishobora kubuza Besigye uburenganzira arekurigwa n’Ibwirizwa Shingiro, nko kugira imyiyerekano, no kwiyamiriza ukutubahiriza amategeko kw’abajejwe umutekano.

Kanyeihamba avuko ko Reta ya Uganda itinya ko bigaragara ko Besigye ar’umuntu akundwa kandi yemewe n’abanyagihugu benshi, aheraheza avuga ko ata cizere afitiye ubutungane bwa Uganda, ngo kuko abategetsi babwo co kimwe n’abacamanza ar’abantu barangwa no kurya ibiturire.

XS
SM
MD
LG