Uko wahagera

Ubushinwa Burashamiranye na Filipine


Mu ngingo ikomeye cane, sentare mpuzamakungu ijejwe gutatura amatati yiyamirije ingingo y’Ubushinwa y’ukwiyitirira igice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’ico gihugu. Iyo sentare imenyesha kw’ata burenganzira bufatiye ku mateka Ubushinwa bufise bw’ukwiyitirira ako karere.

Ingingo ya sentare mpuzamakungu ntabanduka ijejwe gutatura amatati ikorera i La Haye, yashuye ku rubanza rwashingishijwe n’igihugu ca Filipine mu mwaka w’i 2013. Filipine yagirije Ubushinwa ko bwarenze ku mategeko agenga amazi yo mw’ibahari y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gufata ingingo z’agasomborotso. Ayo matati avugwa ku gice kiri hafi y’ibilometero 225 umuntu avuye ku butaka bwa Filipine.

Perezida w’Ubushinwa, Xi Jinping yiyamirije iyo ngingo ya sentare mpuzamakungu, mu kuvuga ko iata ngaruka izogira ku mbibe n’inyungu z’ Ubushinwa mu gice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’igihugu .

Ku murwa mukuru wa Filipine, Manille, umunyamabanga ajejwe imigenderanire, Perfecto Yasay, avuga ko iyo ngingo ya sentare mpuzamakungu ari ingingo ikomeye cane. Ivyo yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru gatoyi inyuma yuko iyo ngingo itangajwe.

XS
SM
MD
LG