Uko wahagera

Abamenyeshamakuru 10 Barishwe muri Afuganisitani


Mu gihugu ca Afuganistani, abamenyeshamakuru bashika kuri cumi barishwe mur’uyu mwaka w’2016. N’umwaka utoroshe mu mateka y’abamenyeshamakuru.

Nkuko vyatangajwe mu cegeranyo casohowe kur’uyu wambere, n’umugwi ujejwe umutekano w’abamenyeshamakuru aho muri Afuganistani, abamenyesh’amakuru baraguye mu mitego incuro 54. N’ibice 38 kw’ijana vyiyongeye ku bakubaguwe, bakicwa mu mwaka uheze.

Ico cegeranyo kivuga ko ahanini iryo kubagugwa ryakozwe na Reta, ariko nta mazina yababikoze gitanga. Umugwi w’abatalibani nawo nyene uradomwako urutoke ko wongerereje ikubagugwa n’ubwicanyi ku bamenyeshamakuru. Reta ivugwako abashika 21, umugwi w’abatalibani ukavugwako abashika 16.

Naho ico cegeranyo kivuga ko ibimenyeshamakuru bifise ubwigenge, kirongera kikavuga ko abakenyezi bagabanutse cane mur’uwo mwuga, kubera umutekano muke. Abarangura uwo mwuga bakorera ahanini mu bisagara.

Ico cegeranyo gihamagarira ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru gukora ibishobotse kugira bushire umwumvikano hagati y’abakozi ba Reta n’abamenyeshamakuru. Kivuga ko kudahanahana amakuru bibera inzitizi umwuga w’ukumenyesha amakuru mu gihugu.

XS
SM
MD
LG