Uko wahagera

Human Right Watch Isaba Ibihano Kuri Sudani Y'Epfo


Umutegetsi mukuru wa Human Right Watch, Kenneth Roth
Umutegetsi mukuru wa Human Right Watch, Kenneth Roth

Ishirahamwe ryishinze guharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch risaba akanama ka ONU gashinzwe umutekano kw’isi gufatira Sudani yo mu bumanuko ibihano ku birwanisho kugira ubwicanyi buri mur’ico gihugu buhagarare.

Akshaya Kumar, icegera c’umuyobozi wa ONU muri Human Rights Watch, yamenyesheje kuwa mbere italiki 11 ko ivyo vyoca bituma indege za kajugujugu za reta zidasubira kugaba ibitero kandi bikagabanura inguvu z’imirwi irwana ku bitero igaba ku basivile.

Kumar yamenyesheje ko umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-moon yatomoye neza kuwa mbere ko ashigikiye iyo ngingo.

Muri kahise, Uburusiya n’Ubushinwa basanzwe bafise icicaro ntahegeyezwa mur’ako kanama barahakanye ibihano nk’ivyo kuri Sudani yo mu bumanuko.

Kumar ahamagarira ibihugu 15 vyose bigize ako kanama harimwo n’ivyo muri Afrika nka Misiri, Angola na Senegal gutora ico cemezo kandi ko coca gishirwa mungiro ako kanya nyene.

Mu gihe bose bovyemeranya, umuntu wese azogaragara ko agurisha ibirwanisho canke afata mu mugongo iyo mirwi muvya gisirikare, azoca ahanwa n’amategeko mpuzamakungu, Kumar niko abandanya avuga.

XS
SM
MD
LG