Uko wahagera

Ubwongereza: Ninde Agiye Gusubirira David Cameron?


Theresa May (ibubamfu) na Andrea Leadsom, bahiganirwa ikibanza c'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza.
Theresa May (ibubamfu) na Andrea Leadsom, bahiganirwa ikibanza c'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu c’Ubwongereza, Theresa May hamwe n’uw’amasoko ntanganguvu Andrea Leadsom, nibo bahiswemwo guhaganirwa ikibanza c’ukuzosubirira umushikiranganji wa mbere David Cameron.

Abo bakenyezi babiri batowe n’inama nshingamateka y’ubwongereza kuwa kane.

Abantu bashika ibihumbi 150 bo mu mugambwe w’aba conserevateri abo bakenyezi baturukamwo nibo bagiye gutora hagati y’abo bakandida babiri bakoresheje za posita.

Uwuzotorwa azoba abaye umushikiranganji wa mbere w’ubwongereza w’umukenyezi kuv’aho Margaret Thatcher akuriwe k’ubutegetsi mu mwaka w’1990.

Ibiharuro bizova mur’ayo matora bizomenyekana italiki icenda z’ukwezi kw’icenda.

Uwuzotsinda azosubirira umushikiranganji wa mbere David Cameron aheruka gutangaza ko atanze imihoho inyuma y’aho abanyagihugu bahisemwo kuva m’umuryango wa Bulayi kuwa 23 z’ukwezi kwa gatandatu.

Minisitiri wa mbere mushasha niwe azobandanya ibiganiro n’ibindi bihugu 27 vya bulayi ibijanye n’ukuva kw’Ubwongereza mur’uyo muryango, ni nawe azohangana n’ibibazo vy’ubutunzi vyadutse mur'ico gihugu inyuma y’iyo ngingo.

XS
SM
MD
LG