Uko wahagera

EURO 2016: Ubufransa na Portugal Bizapiganirwa Igikombe


Ikimenyetso c'gikombe c'ibihugu vy'i Bulaya c'uyu mwaka w'i 2016
Ikimenyetso c'gikombe c'ibihugu vy'i Bulaya c'uyu mwaka w'i 2016

Ubufransa bwunguruje mu gice ca nyuma c’ihiganwa ry’igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya, kiriko kibera mu gihugu c’Ubufransa.

Mu rukino rwo ku musi wa kane, Ubufransa bwatsinze Ubudagi, ibitsindo bibiri ku busa, muri kimwe ca kabiri c’irangira ry’igikombe c’ibihugu vy’i Bulaya, mu gisagara ca Marseille.

Ivyo bitsindo uko ari bibiri vyinjijwe n’umukinyi, Antoine Griezmann, ku munuta wa 47, no ku munuta wa 72.

Ubufransa, buzohura na Portugal, mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ku musi w’Imana, i Paris, ku murwa mukuru w’Ubufransa.

Portugal yunguruje ku musi wa gatatu inyuma yuko itsinze Pays de Galles, ibitsindo bibiri ku busa, mu gisagara ca Lyon.

Ivyo bitsindo vyinjijwe n’abakinyi, Cristiano Ronaldo, ku munuta wa 50, na Nani ku munuta wa 53.

Antoine Griezmann, niwe mukinyi muri iki gihe amaze kwinjiza ibitsindo vyinshi cane muri iri higanwa. N'ukuvuga ibitsindo bitandatu.

Nibwo bwa mbere Ubufransa butsinze Ubudagi, mu ncuro zitanu ivyo bihugu bibiri bihuye, mu mahiganwa akomeye y’umupira w’amaguru.

XS
SM
MD
LG