Uko wahagera

Amerika: James Comey Arashigikiye Ingingo Yiwe


Umuyobozi w'ibiro F-B-I, James Comey ariko arishura ibibazo mu nama nshingamateka ya Amerika
Umuyobozi w'ibiro F-B-I, James Comey ariko arishura ibibazo mu nama nshingamateka ya Amerika

Abashingamateka b’Abarepublika bashavuye babajije inyishu uno musi ku wa kane, umuyobozi w’ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi, FBI, James Comey, ku mvo zatumye afata ingingo yuko Hillary Clinton atokwirikiranwa n’ivyaha bifatiye ku kugene yavyifashemwo ku bijanye n’ubutumwa bwa email yakoresheje mu kazi kiwe k’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umuyobozi w’ibiro F-B-I, James Comey, yaserutse imbere y’umurwi ujejwe amatohoza w’inama nhingamateka.

Yashigikiye ingingo yiwe y’ukudakwirikirana Hillary Clinton.

Ivyo bibaye imisi ibiri inyuma yuko asanze ata vyemezo ko Hillary Clinton yarondeye n’impaka kurenga ku mategeko ya Amerika mu gukoresha ku giti ciwe i muhira iwe mu gisagara ca New York, ububiko bw’ubutumwa bwa email bw’akazi, ah’ugukoresha ububiko bwa Reta bukingiwe kurushiriza, igihe yari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika kuva mu mwaka w’i 2009 gushika mu mwaka w’i 2013.

Abashingamateka b’Abarepublika baranebaguye bivuye inyuma ivyashikirijwe n’umuyobozi wa F-B-I, James Comey vy’ukudakwirikirana Hillary Clinton.

Baribaza ukugene abajejwe itohoza basanze Hillary Clinton yarungitse canke yaronse ubutumwa bwa email ijana na cumi na butatu burimwo amakxuru y’ibanga akoresheje ububiko bwa email bwo ku giti ciwe, hanyuma bagasanga atotegerezwa gukwirikiranwa hisunzwe amategeko.

XS
SM
MD
LG