Uko wahagera

Amerika: Uwundi Mwirabure Yarashwe n'Igipolisi


Umwirabure yamenyekanye kw’izina rya, Philando Castile, yararashwe n’umupolisi, mw’ijoro ryro ku musi wa gatatu. Ibyo byabaye mu gihe yari ahagaritswe n’umupolisi ariko agendesha imodoka mw’ibarabara, mu gisagara ca Falcon Heights, muri Reta ya Minnesota.

Philando Castille, yishwe ari kumwe n’umwana, n’umupfasosni mu modoka, Gatoyi inyuma yuko arashwe, uwo mupfasoni yaciye atangura gufata amasanamu ya videwo kuri telephone yiwe igendanwa, aca ayoshira ku kibanza ciwe kuri Facebook. Philando, yerekanywe ariko ahenuka mu modoka, ava amaraso menshi cane.

Igipolisi gitangaza ko ivyabaye, vyatanguye igihe umupolisi yahagarika imodoka Castille, yarimwo. Igipolisi nticamenyesheje impamvu yatumye uwo mupolisi ahagarika iyo modoka, canke ngo cemeza kw’amasanamu ya videwo yafashwe yerekeye ivyabaye.

Uwo yishwe Castille, ava mu gisagara ca St. Paul muri Minnesota. Yari ajejwe uburiro kw’ishule rya Montessori. Umupolisi yamurashe yabaye arahagaritswe mu kazi kiwe.

Iraswa rya, Philando Castile, ribaye umusi umwe inyuma yuko igipolisi cishe uwundi mwirabure yitwa, Alton Sterling, mu gisagara ca Baton Rouge, muri Reta ya Lousiana.

Iraswa ry’abo bantu babiri vyasubiye kuvyura ibibazo, ku nguvu z’umurengera zikoreshwa n’igipolisi, cane cane ku birabure muri Amerika.

XS
SM
MD
LG