Uko wahagera

Burundi: Abanywa Isukari Bariyongereye?


Abashikiranganji ba Leta y’Uburundi uw’ubudandaji Pelate Niyonkuru na Pascal Barandagiye arongoye ubushikiranganji w’intwaro yo hagati biriwe kur’uno wa kane mu ngoro y’amakoraniro y’inama nkenguzamateka.

Bariko babazwa ku bijanye n’ikiribwa c’isukari gikenye muri kino gihe mu gihugu kandi ihinguriro ry’isukari SOSUMO ridasiba gusohora isukari rihingura.

Abakenguzamateka babajije umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro igituma ubwo bukene bw’isukari. Umushikiranganji Niyonkuru yishuye bimwe mu bituma ubukene bw’isukari mu gihugu. Ashikiriza ko ihinguriro SOSUMO rigishingwa mu 1988 Abarundi baharurwa mu 3.500.000 ubu bagera ku miliyoni zirenga 10. Bisigura ko abanywa isukari bongerekanye.

Ikindi uwo mushikiranganji avuga n’uko isukari yoba ishorwa mu mpisho hanze, abandi bakayinyegeza kugira bayizimbeko mu gihe SOSUMO iba irindiriye guhingura iyindi.

Ubu isukari igurwa hagati y’ibihumbi bitatu n’ibihumbi bine vy’amarundi ku kilo kandi igiciro giheruka gushingwa n’ubushikiranganji bw’ubudandaji ari 1900 ku kilo.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabajijwe igituma abadandaza iyo sukari bayigurisha ku mafaranga y’umurengero badafatwa. Pascali BARANDAGIYE yishuye ko hariko harashingwa iyo mirwi kugira bikunde abo bikika mu kiza bateshwe bate.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:34 0:00

XS
SM
MD
LG