Uko wahagera

Mama Tereza Azogirwa Umweranda


Reta ya Vatikano imenyesha ko izotunganya umuhango wo kugira umweranda Mama Tereza w’I Calcuta mu Buhindi, italiki zine z’ukwezi kwa cenda uyu mwaka w’2016.

Mama Tereza n’umumisiyoneri wa Ekleziya Katolika azwi cane mu bikorwa vyo gufasha abakene, kuronsa uburaro abatabugira no kubagabaniriza imibabaro.

Yarahawe ubushimwe butari buke harimwo n’akitiriwe Nobel yaronse mu mwaka w’1976.

Mama Teresa, kuva mu ntango z’igikorwa ciwe yamye avuga ko adakeneye amahera z'amafaranga ava i Vatikano ariko we ubwiwe ndetse n’abayoboke biwe babeshwaho n’imfashanyo z’abandi.

Umuhari w’abamisiyoneri witiriwe Mama Tereza, ubu ukorera mu bihugu birenga 130, ukaba ukoresha ababikira barenga 4500 bafasha abakene.

XS
SM
MD
LG