Uko wahagera

Ibitero vy'ubwihevyi muri Arabiya Sawudite


Ibitero vy’ubwihevyi vyaraye bikozwe mu bisagara bitandukanye muri Arabiya Sawudite ku musi wambere. Muri vyo bitero, hari icakozwe mugisagara gitagatifu c’idini rya Islamu i Medina, cahitanye abantu bane gikomeretsa batanu.

Aho I Medina, igitero cakorewe ku kirindiro c’abapolisi bari kw’irembo ry’ikibanza cambere gitagatifu mwidini rya Islamu. Ico kibanza bacita umusigiti w’umuhanuzi, kikaba ikibanza umuhanuzi Muhammad w’idinirya rya Islamu yahambiwemwo. Abayisilamu imiriyoni n’imiriyoni kw’isi, barahagendera buri mwaka iyo bagize urugendo rutagatifu rwo baja I Mecca.

Umushikiranganji wa Arabiya Sawudite w’intwaro yo hagati mugihugu, yavuze ko umwihevyi yaturikije iyo bombe yari yambaye inyuma yaho ahagaritswe n’abajejwe gucuntera umutekano.

XS
SM
MD
LG