Uko wahagera

Imishikirano ya Kabiri Ku Burundi Irimirije Kuba


Prezida Sylvestre Ntibantunganya
Prezida Sylvestre Ntibantunganya

Imishikirano igira kabiri ihuza Abarundi izotangura kuva kw’italiki 12 gushika kw’italiki 14 z’uku kwezi kw’indwi i Arusha muri Tanzaniya nuko bitangazwa n’ibiro vy’umwunganirizi, Benjamin Mkapa.

Yamara gushika ubu, CNARED yari yasavye gutumirwa nk’urunani nta butumire yaronse kuri ico giti.

Umuvugizi w’urunani CNARED, Pancras Cimpaye avuga ko ata munywanyi w’urwo runani arekuriwe kuja muri iyo mishikirano ku giti ciwe.

Mu kiganiro na mugenzi wacu Frederic Nkundikije, atangura yemeza kw’ubwo butumire bataraburonka gushika ubu:

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:22 0:00

Tukivuga kuri iyi nkuru, perezida Sylvestre Ntibantunganya ari mu runani CNARED wewe yararonse ubutumire ku giti ciwe c'uwahoze ayoboye Uburundi.

Mu kiganiro na mugenzi wacu Frederic Nkurunziza avuga ko we yifuza ko na CNARED yomutumira ku giti c'urwo runani. Atangura avuga ko wewe ubwo butumire amaze kuburonka:

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:47 0:00

XS
SM
MD
LG