Uko wahagera

Imfashanyo za Turukiya kuri Gaza


Amakamyo atwaye amatoni ibihumbi cumi z'imfashanyo zivuye muri Turukiya yatanguye gushika mu gisagara ca Gaza aciye muri Isirayeli inyuma y’indwi iheze ivyo bihugu binaguye ubucuti.

Amakamyo ya mbere ashika 500 atwaye impuzu, imiti, ibifungurwa n’ibindi, yinjiye muri Gaza kuwa mbere, ayandi yitezwe mu misi iza.

Izo mfashanyo zitanzwe mugihe kur’uyu wa gatatu abayisilamu ariho bazohimbaza umusi mukuru wa Eid al-Fitr, urangiza ukwezi kweranda kw’amafungo ya Ramadhani.

Kerem Kinik, umuyobozi w’ishirahamwe rya Croix Rouge muri Turukiya amanyesha ko Turukiya kizobandanya giha izo mfashanyo abanyegaza.

Isirayeli yari yarahagaritse imfashanyo zose zaja muri Gaza kuva mu mwaka wa 2006 aho yanka ko hohava hazamwo ibirwanisho bihabwa umuhari Hamas udacana uwaka na Isirayeli.

Mu ndwi iheze, umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon yari yavuze ko ivyo bihano bifatirwa ikivunga c’abantu ar’akarenganyo.

XS
SM
MD
LG