Uko wahagera

Arabiya Sawudite: Bombe Zahitanye 3


Igipolisi k'umusigiti witiriwe Muhammad i Medina hahejeje guturika bombe zahitanye batatu.
Igipolisi k'umusigiti witiriwe Muhammad i Medina hahejeje guturika bombe zahitanye batatu.

Muri Arabiya Sawudite, abantu batatu barapfuye bahitanwe na bombe yaturikijwe n’umwihevyi ku kirindiro c’igipolisi k’urwinjiriro rw’umusigiti witiriwe intumwa Muhammad, uri mu gisagara ca Medina.

Televiziyo ya reta yatangaje kw’ico gisasu caturitse kuwa mbere cahitanye abapolisi babiri hamwe n’uwo mwihevyi. Mur’uyo musigiti ni naho hari imva y’intumwa Muhammad yatanguje idini rya Isilamu.

K’umusi wa mbere nyene mu gatondo ka kare, umushikiranganji w’intwaro yo hagati wa Arabiya Sawudite yamenyesheje ko uwundi mwihevyi yiturikijeko bombe yafi y’ahari ubuserukizi bw’Amerika mu gisagara ca Jeddah.

No mu gisagara ca Qatif kigwiriyemwo abayisilamu bo mu bwoko bw’aba Shiite, abanyagihugu baho bamenyeheje ko uwundi mwihevyi yiturikijeko bombe hanze y’umusigiti.

Ivyo bisasu vyaturikijwe mugihe abayisilamu bariko begereza kurangiza ukwezi kw’amafungo kwa Ramadani.

XS
SM
MD
LG