Uko wahagera

Ubuholandi Bushobora Kuva mu Muryango w'Uburayi?


Inyuma yaho Ubwongereza busohotse buva mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya, iryo shirahamwe rifise impungege ko n’ibindi bihugu bishobora gukurikira, bigasohoka. Nk’uko vyagenze mu Bwongereza, mu Buholande hari amakenga menshi y’uko abanyagihugu basaba isubirwamwo ry’amategeko, kubijanye n’Ishirahamwe rya Buraya.

Mu mwaka w’1992, abarongozi b’Ibihugu bishika kuri 12 vya Buraya, bahuriye mu gisagara ca Maastricht, mu Bumanuko bw’Ubuholande, kugira batere igikumu ku masezerano yo gushinga Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya. Ayo masezerano mbere yaciye ahabwa izina ry’ico gisagara.

Bivugwa ko abipfuza isubirwamwo ry’ayo mategeko bangana igice c’abanyagihugu, harimwo cane abo murico gisagara ca Maastricht, na Rotterdam, ikindi gisagara gikomeye kiri mu bumanuko bw’Ubuholande. Rotterdam gisanzwe cakira amamiliyoni amajana y’amatone y’ibidandazwa ku mwaka.

Laurence Stassen, umunyaholande yahoze ar’umushingamateka mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya, ari mu bavuga

XS
SM
MD
LG