Uko wahagera

Netanyahu wa Isirayeli mu Rugendo muri Uganda


Israeli Prime Minister Benjamin Netanyahu
Israeli Prime Minister Benjamin Netanyahu

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu yatanguye urugendo mu bihugu vyo muri Afrika, yo munsi y’ubutayu bwa Sahara. Urwo rugendo yarutanguriye mu gihugu c’Ubuganda. Ni murico gihugu mukuru wa Netanyahu yiciwe, mu mwaka w’1976, aho hari abanyisrayeli bari bagizwe imbohe.

Netanyahu yururukiye ku kibuga c’indege ca Entebbe, mu Buganda, aho abasirikare ba Israyeli batabariye ingenzi z’abanyisrayeli, itariki 4 y’ukwezi kwa karindwi, mu mwaka w’1976. Izo ngenzi zari zigizwe n’abanyisrayeli, zishika kw’ijana n’abari batwaye indege ya Air France barimwo. Jonathan Netanyahu, mukuru wa Benjamin Netanyahu, akaba ariwe wenyene yahasize ubuzima.

Inyuma y’ibirori vyabereye aho ku kibuga c’indege, Netanyahu yaciye aja mu nama y’abategetsi bo mu karere, inama yari yerekeye ivy’umutekano.

Isirayeli, idomwako urutoke kenshi n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, kuba iri mu karere ka Cisjordaniya, n’umuhora wa Gaza. Isaba ibihugu vya Afurika gufasha ONU mu kugwanya iterabwoba, nayo Isirayeli igaheza igafasha ivyo bihugu ku vyerekeye ubumenyi n’amafaranga.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu, yahavuye yurira indege, agana igihugu ca Kenya, akazogendera kandi ibihugu vya Etiyopiya n’u Rwanda mu minsi ine yategekanirije urwo rugendo.

XS
SM
MD
LG