Uko wahagera

Autrishe na PKK bagirizwa Ibitero muri Turukiya


Imyiyerekano mu gisagara Vienna yiyamiriza ibitero bigirwa n'umugambwe PKK muri Turukiya.
Imyiyerekano mu gisagara Vienna yiyamiriza ibitero bigirwa n'umugambwe PKK muri Turukiya.

Abantu baharurwa mu majana bitwaje amabendera y’igihugu ca Turukiya, baragize urugendo k’umurwa mukuru Vienne wa Autriche k’umusi w’Imana.

Biyamiriza igitero cabaye mu ndwi iheze ku kibuga c’indege c’I Istanbul muri Turukiya, ahasize ubuzima abantu 45 n’abashika 250 bakomeretse.

Abo bantu bagiriza reta ya Autrishe ko ifashe mu mugongo abarwanyi b’umugambwe w’aba Kurdes PKK, bagiriza ko ariwo ugaba ibitero vy’iterabwoba mu bihugu vya Autrishe na Turukiya.

Abanya Turukiya hamwe n’abandi bafise amamuko mur’ico gihugu bari mu migwi ikomeye y’inkehwa iba muri Autrishe, bavuga ko batunganije urwo rugendo mu ntumbero yo kwerekana ko badashigikiye imigwi atakindi kiyigenza atari inzigo y’akazikira.

XS
SM
MD
LG