Uko wahagera

Euro 2016: Ubufaransa Bwasezereye Islande


Abakinyi b'Umugwi nserukira gihugu w'Ubufaransa, bahejeje gutahukana intsinzi kuri Stade de France.
Abakinyi b'Umugwi nserukira gihugu w'Ubufaransa, bahejeje gutahukana intsinzi kuri Stade de France.

Umugwi nserukiraguhugu w'Ubufaransa waraye uhambije iyindi migwi muri demi finale inyuma yo kwirahira Islande ibitsindo bitanu kuri bibiri (5-2) mu rukino rwabahuje kuwa mungu ku kibuga ca Stade de France. Ni muri za nkino z’irushanwa ry’umupira w’amaguru za Bulaya ziriko zibera mu Bufaransa.

Igice ca mbere carangiye Ubufaransa bufise ibitsindo bine k’ubusa (4-0) vyinjijwe n’abakinyi Olivier Giroud, Paul Pogba, Dimitri Payet na Antoine Griezmann.

Mu gice ca kabiri c’urukino, Kolbeinn Sigthorsson hamwe na Birkir Saevarsson ba Islande barinjirije ico gihugu nawe Olivier Giroud w’Ubufaransa yiyongera ikigira cakwije bitanu.

Ubufaransa bubaye igihugu ca nyuma kironse uburenganzira bwo kuja muri kimwe ca kabiri, inyuma ya Portugal, Pays de Galles n’Ubudagi.

Urukino rwa mbere rwa kimwe ca kabiri ruzoba k’umusi wa gatatu italiki zitandatu z’uku kwezi hagati ya Portugal na Pays de Galles. Urugira kabiri ruhuze Ubudagi n’Ubufaransa k’umusi wa kane italiki indwi I Marseille.

Imigwi izotsinga mur’izo nkino zibiri niyo izohura mu mukino wa nyuma kw’italiki ya 10 z’uku kwezi kw’indwi ku kibuga ca Saint Denis I Paris.

XS
SM
MD
LG