Uko wahagera

Bangladesh: Umutekano Wakomejwe i Dhaka Inyuma y'Igitero c’Iterabwoba


Ikiduga c'intambara ca Bangladesh
Ikiduga c'intambara ca Bangladesh

Inyuma y’aho abantu bashika kuri 20 bapfiriye mu gitero camaze amasaha 11, bari mu nzu y’uburiro, kur’uyu wa gatandatu, ubutegetsi bwa Bangladesh bwarungitse inteko zikomeye z’umutekano ku mugwa mukuru I Dhaka.

Abajejwe umutekano barashoboye kurokora abashika kuri 13 bari bagizwe imbohe. Abenshi mur’abo bapfuye baturuka mu bihugu vy’Ubutaliyano n’Ubuyapani. Ico gitero carahitanye n’abapolisi babiri ba Bangladesh.

Sheikh Hasina, Umushikiranganji wa mbere wa Bangladesh, yatangarije kuri Televiziyo y’igihugu, kur’uyu wa gatandatu, ko Bangladesh kitazokwemerera abo babisha kwonona ishusho y’igihugu.

Ibiro vy’Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyatangaje ko hari umuny’amerika yaguye mur’ico gitero.

Mw’itangazo ryasomwe na Josh Earnest, Umuvugizi mu Biro vy’umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yatey’ivyatsi abakoze ico gitero, avuga ko ar’igikorwa kigayitse c’iterabwoba.

Yavuze kandi ko Reta ya Amerika yifatikanije na Blangladesh n’ayandi makungu, mu kurwanya iterabwoba aho ribereye hose.

XS
SM
MD
LG