Uko wahagera

DRC: Kabila Ariyamiriza Abanyamahanga


Perezida wa Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo, Joseph Kabila
Perezida wa Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo, Joseph Kabila

Perezida wa Republika iharanira Demokarasi ya Kongo Joseph Kabila asaba abanyagihugu kudakurikira abo yise abanyamahanga baca kubiri n’amategeko mu kwivanga mu bibera mu gihugu ciwe.

Ni mw’ijambo yashikirije mu ndwi iheze igihe bariko bahimbaza imyaka 56 Kongo imaze ironse intahe yo kwikukira.

Mur’iryo jambo, Kabila yarashemagije akatari gake abajejwe umutekano mu gihugu, ivyagaragaye nk’inyishu yatanze ku bihano Leta Zunze Ubumwe z’Amerika iheruka gufatira umutegetsi akomeye mu gipolisi muri Kongo, itariki 23 z’ukwezi kwa gatandatu, uyu mwaka.

Amerika na bamwe mu bagize Inama nshingamateka bamwagiriza kwigiza inyuma amatora, gutoteza imigambwe itavuga rumwe na Reta, hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.

Uwo musi wo kwikukira niwo uharugwa kuba umunsi wa nyuma ahimbaje kuko azorangiza ikiringo ciwe mu kwezi kwa 12, uyu mwaka, kuko ibwirizwa nshingiro rimwemerera gutwara ibiringo bibiri gusa.

Mu kwezi kwa gatanu, Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro mur’ico gihugu, yatangaje ko Kabila ashobora kuguma ku butegetsi gushika hatunganijwe ayandi matora.

Umwe mu barongozi bakomeye mu basanzwe batavuga rumwe na Reta ya Kongo, ah’ari mu buhungiro yavuze ko vyibonekeza ko Prezida Kabila ariko aragerageza uburyo bwose kugira amatora yigizwe inyuma ashobore kuguma k’ubutegetsi.

Prezida Kabila, amaze umwaka asaba abo bitavuga rumwe kwicarana ngo baganire.

Edem Kodjo, yahoze ar’umushikiranganji wa mbere wa Togo, niwe aserukira Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mur’ico gikorwa. Abatavuga rumwe na Reta babona ivyo biganiro nk’umutego. Basaba Amerika kubibafashamwo.

XS
SM
MD
LG