Uko wahagera

Euro 2016: Ubudagi Bwinjiye muri Kimwe cya Kabiri


Ubudagi buhejeje gutsinda Ubutaliyano muri kimwe ca kane
Ubudagi buhejeje gutsinda Ubutaliyano muri kimwe ca kane

Muri za Nkino z’irushanwa ry’umupira w’amaguru mu Bulaya ziriko zibera mu Bufaransa, igihugu c’Ubudagi caronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma (Demi-Final).

N’inyuma yo gutsinda Ubutaliyano ibitsindo indwi kuri bitandatu (7-6) barinze gutera za Penalti, mu rukino rwabahuje kuwa gatandatu kuri Stade yo mu gisagara ca Bordeaux.

Umwanya wategekanirijwe urukino warangiye iyo mirwi yose inganya igitsindo kimwe ku kindi. Igitsindo c’Ubudagi cinjijwe na Mesut Ozil k’umunota wa 65, nawe Leonardo Ponucci w’Ubutaliyano arakigombora k’umunota wa 78.

Iyo mirwi vyaranse ko itsindana n’inyuma yaho bayongeye iyindi minota 30, niho baca binjira mu gutera za Penalti, Ubudagi butsinda zitandatu kuri zitanu z’Ubutaliyano.

Ubudagi bubaye umugwi ugira gatatu ugiye muri Demi Final aho uhambije Portugal na Pays de Galles.

Urukino rwa nyuma rwa ¼ de Final ruhuza Ubufaransa na Islande kur’uyu wa mungu.

Nayo urukino rwa mbere rwa Demi final ruzoba k’umusi wa gatatu hagati ya Portugal na Pays de Gales, urugira kabiri ruzohuze kuwa kane Ubudagi n’uwutsinda hagati y’Ubufaransa na Islande.

Urukino rwa nyuma rwa final ni kw’italiki ya 10 z’uku kwezi kwa ndwi.

XS
SM
MD
LG