Uko wahagera

Isirayeli Cafashe Ingingo ku Gisagara ca Hebron


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu

Igihugu ca Isirayeli cugariye imbibe igisagara ca Hebron co muri Palestina congera congereza abasirikare baco mu ntara ya Sijordaniya inyuma y’aho abanyesirayeli babiri biciwe n’abanyepalestina haraheze imisi ibiri.

Abategetsi ba gisirikare ba Isirayeli bamenyesha ko batazi igihe iryo yugarwa rizomara.

Bamenyesha ko ibitero bishika 80 bimaze kugirwa kubanyesirayeli mu kwezi kwa cenda umwaka uheze vyakozwe n’abaturutse mu gisagara ca Hebron.

Iruhande y’iryo yongerezwa ry’abasirikare n’abapolisi, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu yatanze itegeko ryo kugabanya amafaranga ava mu matagisi cahora giha abategetsi ba Palestina buri kwezi.

Yagiriza ubutegetsi bwa Palestina gukoresha ayo mafaranga mu kuyaha imiryango y’abarwanyi.

Izo ngingo zifashwe inyuma yaho umunyepalestina arasiye akica umugabo w’umunyesirayeli yongera akomeretsa umugore wiwe n’abana babiri bari mu modoka hafi y’igisagara ca Hebron kuwa gatanu.

XS
SM
MD
LG