Uko wahagera

Turukiya: Abantu 36 Bahitanwe na Bombe Ku Kibuga c'Indege


Umushikiranganji wa mbere wa Turukiya Binali Yildirim yateye akamo amakungu ko bogira ubumwe, inyuma yaho igihugu ciwe kiburiye abantu 36 mu bitero vy’iterabwoba vyabaye ejo kuwa kabiri ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’I Istanbul.

Yildirim, yavuze ko ku mugoroba w’ejo kuwa kabiri abihevyi batatu bashitse kur’ico kibuga c’indege bari mu modoka ya tagisi baca batangura kurasa amasasu mu nyuma baca biturikirizako amabombe babonye igipolisi kibegereye.

Amenyesha ko abatari bake bakomeretse bamwe bakaba bababaye cane. Amakuru abategetsi batangaje ubwa mbere bavuze ko 147 aribo bakomeretse.

Nta n’umwe aremenga ico gitero. Ariko Yildirim yari yatangaje ko atabandi vyagirizwa atari umuhari wa Reta ya Kiyisilamu.

XS
SM
MD
LG