Uko wahagera

Zimbabwe: Tsvangirai Agwaye Kanseri


Umunyapolitike atavuga rumwe na reta ya Zimbabwe, Morgan Tsvangirai yatangaje kw’agwaye ingwara ya kanseri mu giti c’umugongo. Tsvangirai afise imyaka 64 mur’iki gihe, yatangaje iyo nkuru ku musi wa mbere, akaba yavuze ko yayisuzumwe mu kwezi guheze mu gihugu ca Afrika y’Epfo, aho ngo abaganga baciye bamubaga bikagenda neza.

Yatangaje ko hari ibindi bindi abaganga bazomukorera, birimwo ivyo bita kimoterapi kugira babandanye bamuvura iyo ngwara. Yavuze ko yahisemwo gushira ahabona iyo ngwara ngo kuko yemera kw’amagara y’abategetsi barongoye abanyagihugu, adashobora kuba ikinyegezwa.

Ivyo bishobora kuba ar’ukwifatira mu gahanga perezida Robert Mugabe afise imyaka 92, yama yagiye mu gihugu ca Singapore kwivuza ibintu bitigera bitangazwa.

Tsvangirai arongoye umuhari Movement for Democratic Change, aramaze guhiganwa na Mugabe mu matora y’umukuru w’igihugu incuro zitatu.

Yaratsinze incuro ya mbere y’amatora mu mwaka w’2008, yamara Mugabe yaciye atsinda incuro igira kabiri y’ayo matora, abantu benshi bavuga ko yabayemwo ubwicanyi hamwe n’iterabwoba.

XS
SM
MD
LG