Uko wahagera

Iraki: Fallujah Yarafashwe Yose


Abasirikare ba Iraki bariko barakizura Fallujah inyuma yaho birukaniye umuhari wa reta ya Kiyisilamu
Abasirikare ba Iraki bariko barakizura Fallujah inyuma yaho birukaniye umuhari wa reta ya Kiyisilamu

Umutegetsi mu gisirikare ca Iraki amenyesha ko inteko z’ico gihugu zigaruriye igisagara ca Fallujah bagikuye mu minwe y’umuhari wa reta ya Kiyisilamu mu ntambara yar’imaze ukwezi ihuza izo mpande zibiri.

Liyetena Jenerali Abdul-Wahab al-Saadi yamenyesheje ejo kuwa mungu ko abasirikare ba Iraki bafashe agace ka Julan kari mu micungararo ya Fallujah kari kakiri mu minwe y’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Amenyesha ko igisagara ca Fallujah casambuwe nka cose kandi abanyagihugu baharurwa ku bihumbi 85 bakeneye gufashwa vyihutirwa.

Gushik’ubu ntiharamenyekana abasize ubuzima mur’iyo mirwano haba mu barwanyi b’umuhari wa reta ya Kiyisilamu canke mu basirikare ba reta ya Iraki.

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki, Haider al-Abadi yatangaje ko ikigiye gukurikira ar’ugusubira kwigarurira igisagara ca Mosul.

XS
SM
MD
LG