Uko wahagera

John Kerry Mu Rugendo Mu Bulayi


John Kerry n'umushikiranganji w'Ubutaliyano w'imigengeranire n'ayandi makungu Paolo Gentiloni.
John Kerry n'umushikiranganji w'Ubutaliyano w'imigengeranire n'ayandi makungu Paolo Gentiloni.

Sekreteri wa reta wa Leta zunze ubumwe z’Amerika John Kerry ari k’umugabane wa Bulayi.

Inyuma yo kubonana n'umushikiranganji w'Ubutaliyano ajejwe imigenderanire n'amakungu, ategekanya kubonana kandi n’umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Philip Hammond hamwe n’abandi bategetsi.

N’urugendo rutumbereye kuraba ingene ubucuti hagati y’Amerika n’Ubwongereza bwobandanya mugihe ico gihugu kitazoba kiriko gikorana n’Ubulayi.

Kerry yemenyesheje kuwa mungu ko Amerika izogumana ubucuti bwa hafi kandi budasanzwe n’Ubwongereza.

Ni mugihe ibihugu vyashinze umuryango w’ubumwe bwa bulayi, biriko bisaba Ubwongereza ko bwova mur’uyo muryango mu kiringo ca vuba.

Iyi ndwi itanguye igiye kubamwo imibonano itari mike y’abategetsi b’ubulayi aho bagiye kurabira hamwe ingene ingingo Ubwongereza buherutse gufata yo kuva mur’uyo muryango itotera ingaruka mbi.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza David Cameron k’umusi wa kabiri ategekanya kuja I Buruseli aho abandi bategetsi b’ibihugu 27 biwusigayemwo bazoba bakoraniye ubwa mbere Ubwongereza butarimwo.

XS
SM
MD
LG