Uko wahagera

Burundi:Ibiciro Ntarengwa mu Ntara ya Ruyigi


Iyo ngingo yo gukingira umwimbu w’abanyagihugu mu ntara ya Ruyugi, yafashwe kuva mu ntango z’ukwezi kwa gatandatu uyu mwaka wa 2016 abarimyi batanguye kwimbura ibirimwa bitandukanye.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Ruyigi bagiye barashinze ibiciro vy’ibirimwa nk’ibiharage kugira ngo abadandaza ntibazimbe umurimyi.

Abdallah Hassan ni bulamatari w’intara ya Ruyigi avuga ko iyo ngingo yafashwe kugira ngo abadandaza bava mu zindi ntara ntibaze kurangura umwimbu wose.

Bulamatari Abdallah amenyesha kandi ko igiciro c’ibiharage kitazoja musi y’ amafaranga 600 ku kiro kugira ngo umurimyi ntagume azimbwa.

Ikindi uwo muyobozi avuga, n’uko bahagurukiye abadandaza bagurira ivyimburwa mu nzira bitarashika mw’isoko kuko badatanga amakori.

Uwo bafashe nk’uko abivuga baca bamwaka ivyo ariko aragura bakamutwara n’umunzani akoresha mu kugura.

Bamwe mu badandaza bato bato bakorera mw’isoko rikuru ryo mu Ruyigi mu gisagara ca Ruyigi bavuga iyo ngingo ituma urudandazwa rwabo rucumbagira.

Edouard Ciza, umudandaza akorera muri iryo soko yabwiye ijwi ry'Amerika ko umwimbu utavuye hirya no hino bituma ibifungurwa bikena mw’isoko.

Abasuma ibifungurwa mw’isoko ryo mu Ruyigi, nabo nyene bavuga ko iyo ngingo yatumye ivyo basuma bitaboneka, ibibonetse navyo bikaboneka kw’ibeyi rinini.

Emilienne Ntahondereye umwe mubari baje gusuma avuga ko isoko risigaye rirema nabi nabi kubera ko ibirimwa bitakiva hirya no hino.

Ku kibazo c’uko ivyimburwa bitarenga imbibe z’intara Bulamatari Abdallah Hassan avuga ko bitabujijwe ariko babanza gusaba uruhusha mu bajejwe intwaro.

Kubona abarimyi bo mu Kumoso badashora umwimbu ku bwinshi naho Bulamatari wa Ruyigi avuga ko ari kubera banyunzwe no kuziganya umwimbu wabo.

Amakomine ari mu kiyaya ca Kumoso ku mupaka w’Uburundi na Tanzaniya, asanzwe ashora umwimbu mwinshi mu yandi makomine agize intara ya Ruyigi kuko yimbuka cane. Inkuru y'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Fidele d'Antoine Nsabimana.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:09 0:00

XS
SM
MD
LG