Uko wahagera

AU: Inteko Mvamakungu Ntizigikenewe mu Burundi


Inama y'Ubumwe bw'Afurika k'Uburundi
Inama y'Ubumwe bw'Afurika k'Uburundi

Abaserukira akanama k’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afurika bavuga ko inteko uwo muryango wari wifuje kurungika mu Burundi zidakenewe.

Lazarre Makaya Safouese wari abarongoye aturuka mu gihugu ca Congo Brazaville yasiguye ko inteko zishika ku bihumbi bitanu ata gituma c’ukuzirungika mu Burundi kigihari.

Ibishikirizwa na Safouesse ntivyakirwa neza n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw'Uburundi. Léonce Ngendakumana, umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu we abona ko imvo zari zatumye hiyumvirwa izo nteko n’ubu zikihari. Kubwiwe ngo izo nteko nyabuna ziracakenewe.

Ikindi kibazo cagarutsweko n’itosekara y’imigenderanire n’ukwagirizanya hagati y’Uburundi n’u Rwanda. Intumwa z’akanama k’amahoro n’umutekano mu muryango w'ubumwe bw'Afurika zivuga ko ari ikibazo kiraje ishinga Afurika yose.

Mw’itangazo umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yasohoye yavuze ko urugendo rw’izi ntumwa z'ubumwe bwa Afurika rwerekana ishaka ry’uwo muryango mu gushigikira Uburundi kuva mu ndyane.

Igihugu c’Uburundi cizeza ko kizokwama gikurikiza amategko ngenderwako y’umuryango wa Afurika. Ariko ubushikiranganji bw’imigederanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwemeza ko Leta ibabazwa n’agacere k’uwo muryango kuco yita agasotoro k’u Rwanda. Muri uku kwezi kwa gatandatu, akanama k’amahoro n’umutekano mu bumwe bwa Afurika karongowe n’Uburundi.

Inkuru y'umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Bujumbura, Eloge Willy Kaneza

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:04 0:00

XS
SM
MD
LG