Uko wahagera

Ubwongereza Bwiyonkoye Kw' Ishirahamwe Rya Bulaya


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu c'Ubwongereza David Cameron
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu c'Ubwongereza David Cameron

Ku musi wa kane, abongereza baratoye ingingo yo kwiyonkora kw’ishirahamwe ry’Ubulaya; ingingo abategetsi bo mu bihugu vy’ibulaya bavuga kw’aringingo mbi cane y’amakosa.

Chancellier w’igihgu c’Ubudagi Angela Merkel yavuze ko reta yiwe yakiranye akababaro ingingo yafashwe n’abanyagihugu bo mu Bwongereza, yongera avuga kw’iyo ngingo igeramiye ubumwe bw’ibihugu vy’Ubulaya.

Merkel yavuze kandi kw’azokoresha inama n’abategesti bo mu gihugu c’Ubufaransa, abategetsi b’igihugu c’Ubutaliyano hamwe n’umukuru n’inama nkuru y’ibihugu vyo mw’ishirahamwe ry’ibulaya, Donald Tusk ku musi wa mbere, mu gisagara ca Berlin.

Mu ndwi iza kandi, umushingantahe Tusk azokoresha inama nkuru ya mbere y’ibihugu bigize ishirahamwe ry’Ubulaya, igihugu c’Ubwongereza kitarimwo: inama izoba iriko yihweza iyo ngingo y’Ubwongereza yo kuva mur’iryo shirahamwe.

David Cameron, umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza yatangaje ejo ku musi wa gatanu kw’azotanga imihoho mur’ayo mabanga mu mpera z’uyu mwaka, azokwitaba iyo nama ku musi wayo wa mbere gusa; n’ukuvuga ku musi wa kabiri, igihe izotangurira.

Ejo ku wa gatanu mu gitondo, umushingantahe Tusk yavuze kw’igihugu c’Ubwongereza, cakoze amakosa mu kuva mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibulaya, yongera avuga kw’iyo ngingo izogira ingaruka mbi.

Yamara yavuze kw’atibaza kw’ibindi bihugu bizokwirikira iyo ngingo y’igihugu c’Ubwongereza.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe Otan, Jens Stoltenberg yavuze kw’azi neza kw’igihugu c’Ubwongereza kizoguma gicuditse kandi gikorana n’ishirahamwe Otan, kandi kizobandanya kirangura uruhara rukomeye.

President w’igihugu c’Ubufaransa, Francois Hollande nawe yavuze kw’ababajewe cane n’iyo ngingo y’igihugu c’Ubwongereza, yamara yongera avuga kw’iyo ngingo yafashwe n’Abonmgereza, kandi kw’Ubufransa butegerezwa kuyubahiriza.

XS
SM
MD
LG