Uko wahagera

Sanders Yatangaje ko Azotora Hillary Clinton


Umukandida w’Umudemokrate m u matora y’umukuru w’igihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Bernie Sanders, yabwiye ikiganiro, “Morning Joe” co kuri televiziyo, MSNBC, uno musi ku wa gatanu ko azotora Hillary Clinton, mu matora yimrije kuba mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Sanateri Sanders yamen yesheje ko gutuma Donald Trump, ataba perezida ari umwe mu migambi yiwe. Amenyesha ko azokora ibishoboka vyose kugira Donald Trump, atsindwe. Atangaza ko vyoba ari agahomerabunwa hamwe Trump, yotorwa.

Bernie Sanders, abandanya kwiyamamaza. Yaragirishije amakoraniro mu gihugu naho Hillary Clinton, yashikanye mu kwezi kwa gatandatu, igitigiri c’abashikiriza amajwi gikenewe kugira agenwe n’umugambwe wiwe w’Abademokrate.

Yariyamirije iciyumviro cuko yoheba kwiyamamaza, imbere y’ikoraniro rikuru ry’umugambwe w’Abademokate.

Uwo musenateri ukomoka muri reta ya Vermont amenyesha kw’igikkorwa ciwe kigenewe gutuma Abanyamerika bagira uruhara mu mugambi wa politike.

XS
SM
MD
LG