Uko wahagera

Nijeriya: Inzara Yarahitanye Abatari Bake


Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe, “Medecins Sans Frontieres” rimenyesha ko mu gihugu ca Nijeriya hari inkambi irimwo abantu bataye izabo babangamiwe n’inzara.

MSF imenyesha ko yashitse mur’iyo nkambi iri mu gisagara ca Bama, muri reta ya Borno, k’umusi wa kabiri, isanga abana 16 bageze aho bagira bapfe kubwo kubura ibifungurwa.

Abaganga ba MSF basanze kandi hari imva ziharurwa ku 1,233 z’abantu bamaze gupfa, 480 muri bo n’abana.

Abantu bashika 188 mur’abo bishwe n’ingwara zo gucibwamwo no gufungura nabi kuva kw’italiki ya 23 z’ukwezi kwa gatanu guheze.

MSF ibandanya ivuga ko iyo nkambi irimwo abantu ibihumbi 24. Abana n’ibihumbi 15, muri bo ibihumbi 4500 bafise imyaka iri musi y’itanu.

XS
SM
MD
LG