Uko wahagera

Imiravyo Yishe Abantu 66 mu Buraruko bw'Ubuhindi


Mu gihugu c’Ubuhindi, abantu 66 nibo bahitanywe n’inkuba kur’uyu wa kabiri, ushira kuwa gatatu, mukiringo c’amasaha mirongo ibiri n’ane.

Muri abo, 46 bapfiriye mu buraruko bw’intara ya Bihar, abandi 22 nabo barakomereka. Mu ntara ya Uttar Pradesh, ihan’urubibe na Bihar, naho hapfuye abashika kuri 20.

Reta y’Ubuhindi yavuze ko izofashisha imiryango y’ababuze ababo amafaranga agera ku 5.900 y’amadolari y’Abanyamerika.

Abarimyi n’aborozi nibo babangamiwe n’izo mpfu zitegwa n’inkuba, mu gihe c’imvura nyinshi, hagati y’ukwezi kwa gatandatu n’ukw’icenda.

XS
SM
MD
LG