Uko wahagera

Bemba Yakatiwe Gufungwa Imyaka 18


Jean Pierre Bemba
Jean Pierre Bemba

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, yaciriye urubanza Jean Pierre Bemba uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ca Congo imyaka 18 mumunyororo kuvyaha vy’ Ubwicanyi no gufata abantu kunguvu mu gihugu kibanyi ca Repubulika ya Centrafrika.

Umucamanza w'iyo sentare Sylvia Steiner aturuka muri Bresil, avuga ko Bemba yananiwe gutunganya no gutegeka akagwi k’abasirikare biwe bwite ku vyaha bakora mu myaka yi 2002 ni 2003, aho abo basirikare bafata abantu kunguvu, aho bica, bakongera bagakora ubusuma bukabije.

Mu kwezi kwa gatatu, Bemba yabaye umuntu wambere yagiriwe ivyaha vyo mungwano, n’ivyaha vyo guhonyanga agateka ka muntu. Bwabaye kandi umbwambere iyi sentare yagirije umuntu icaha co gufata kunguvu nk’icaha co mungwano.

Ayandi ma sentare mpuzamakungu mpanavyaha amaze kubikora ni sentare y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku Rwanda n'iyahoze ari igihugu cya Yugosilaviya.

XS
SM
MD
LG