Uko wahagera

Abatalebani bagize Imbohe Abantu 27


Kur’uyu wakabiri, mu gihugu ca Afuganistani, umugwi w’iterabwoba w’Aba talibani wagize imbohe abantu bagera kuri 27. Aho hari inyuma y’intambara yabaye hagati y’uwo mugwi n’igisirikare ca Afuganistani.

Abdul Ghafoor Tokhi, umuyobozi w’igisata co kwunguruza abantu mu ntara ya Gereshk, yavuze ko abo bagwanyi, bari bafise ibigwanisho bikomakomeye, bafashe imiduga igera kuri 14.

Umuvugizi w’umugwi w’Abatalibani yavuze ko ari bo bakoze ico gitero. Yasiguye ko ingenzi zidakorana na Reta canke n’inzego zishinzwe umutekano za afuganisitani ari bo barekuwe, inyuma y’itohoza bakoze. Yongeye avuga ko 27 bagumanye ari abakekwa kuba bakorana n’ubutegetsi bwa Afuganisitani, kugirango bakorerwe ayandi matohoza.

Iryo nyuruzwa ry’abantu ribaye irya gatatu mur’uku kwezi kwa gatandatu. Mu ntango zakwo, hari hafashwe abanyagihugu bagera ku majana abiri (200) kw’ibarabara rijana mu buraruko bwa Afuganistani, mu ntara ya Kunduz. Murabo abarenga kuri cumi baramaze kwicwa.

XS
SM
MD
LG