Uko wahagera

Indoneziya: Abantu 35 Barahitanwe n’Imyuzure y’Imvura


Mu gihugu ca Indoneziya, abantu 35 barapfuye abandi 25 barabura irengero ryabo inyuma y’aho hagwiriye imvura nyinshi yateye imyuzure yongera ibomora imisozi n’amazu k’umusi wa mungu.

Iyo mvura yasinzikaje cane izinga rya Java riri mu bumanuko bw’umugwa mukuru w’ico gihugu, Jakarta.

Yarabomoye amazu atari make ihambana abantu nayo, imiduga iratwarwa, ibindi bintu bitari bike bizimirira mu mazi. Abajejwe ibikorwa vyo gutabara bariko bararaba ko har’abo borokora.

Imvyuzure iterwa n’imvura hamwe n’imisozi ibomoka vyama vyabaye muri Indoneziya. Izinga rya Java ribamwo abantu barenga imiliyoni 250. Niryo zinga rya mbere kw’isi ribamwo abantu benshi kuruta ayandi.

XS
SM
MD
LG