Uko wahagera

Abepisikopi Katolika Bahanura Abarundi


Inama y’Abepisikopi Katolika b’i Burundi irifuza kw'inzira y’ibiganiro bihuza Abarundi yotera ija imbere. Ivyo biri mw’ijambo ryasomwe kur’uno w’Imana mu masengero yose ya Eklereziya Katolika mu Burundi. Abo bepisikopi Katolika batera akamo Reta y’Uburundi gukora uko ishoboye, kugira agateka ka zina muntu kubahirizwe.

Iyo nama y’Abepisikopi Katolika ishikiriza ko igihe c’amatora ya 2015, Abarundi bari biteze kw'ico gihe cari kubera akaryo keza ko gusubira kurimbura aho igihugu cari kigeze, n’ivyo gikeneye, n’imigambi imyiza yofasha kugira Uburundi, busubire gutera intambwe iboneka muri demokarasi no mw’iterambere.

Abo Bepisikopi Katolika bashikiriza ko naho ibintu bir’uko, bashimishwa n’ukubona bene Burundi batera bigishwa n’ivy'igihugu gicamwo, bakahigira kwihangana, gutyo bakirinda gusubira gucanamwo bafatiye ku moko, intara n’ibindi, naho abagerageza kumenera mur’iyo nzira batabuze.

Inama y’abepisikopi katolika isaba Abarundi kwikebuka. Iyo nama ishikiriza ko impari mu banyepolitike zamyeho kandi ko zisanzwe. Ariko ko zitumye induru zivuga, abantu bakicwa abandi bagahunga, hakavuka imirwi yemera icese ko yafashe inzira y’ibigwanisho, biba bikenewe ko abantu basubira kwicara hamwe, kugira batorere hamwe inzira y’ukubaka kazoza.

Ekleziya Katolika y'Uburundi isaba abarongoye Reta n’inzego ziyikomokako gukora uko bashoboye kwose, kugira ubuzima bw’Abarundi n’ababubamwo bose bwubahirizwe, batunganirwe bashikire iterambere ry’ukuri. Indongozi z’igihugu zisabwa kwitwararika ko ubwicanyi n’ayandi mabi bihagarara. Inkuru y'umumenyeshamakuru Evariste Nzikobanyanka.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:14 0:00

XS
SM
MD
LG