Uko wahagera

Ubwongereza: Itohoza kw'Iyicwa ry'Umushingamateka


Igipolisi kijejwe itohoza mu ntara Yorkshire mu buraruko bw’Ubwongereza canse kwemeza canke guhakana ko Thomas Mair, yikekwa ko ariwe yagandaguye umushingamateka, Jo Cox, ashobora kuba yabitewe n’ivyyumviro vy’intagondwa.

Benshi mu bantu biboneye n’amaso yabo igitero cagizwe na Thomas Bair, afise imyaka mirongo itanu n’ibiri, bavuga ko yasemereye amajambo, Ubwongereza imbere y’ibindi. Ubwo ni mu gihe yarasa incuro zitatu umushingamateka Jo Cox, hanyuma akamusogota imbugita.

Umugambwe w’intagondwa, Britain First, umaze imyaka itari mike wiyamamariza ivy’uko Ubwogereza bwotegerezwa kuva mu muryngo w’ubumwe bw’Ubulayi. Uwo mugambwe watangaje ko ata ruhara wagize mu gitero cagizwe kuri Jo Cox, ashigikiye ko Ubwongereza buguma muri uwo muryango.

Abajejwe itohoza barasatse inzu ya Thomas Mair, kugira barondere ivyemezo ku mpamvu zatumye yica umushingamateka, Jo Cox.

XS
SM
MD
LG