Uko wahagera

Ubwongereza: Umushingamateka Jo Cox Yaragandaguwe


 Umushingamateka w'Ubwongereza, Jo Cox
Umushingamateka w'Ubwongereza, Jo Cox

Mu gihugu c’Ubwongereza, umushingamateka w’ico gihugu azwi kw’izina rya Jo Cox yarishwe arashwe ejo kuwa kane.

Uwo mukenyezi w’imyaka 41 asize abana babiri, yari azwi nk’uwuvugira impunzi z’abanyesiriya kandi yari ateye kubiri n’umugambi w’ukwo ubwongereza buva mu bihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Bulayi.

Ababonye igihe yicwa bavuga ko uwo mwicanyi yateye akaruru avuga amajambo yo mu congereza asobanurwa ngo “Ubwongereza buza ubwa mbere”, mu nyuma abona kurasa, akurikiza kumucumita n’imbugita.

Yishwe mugihe hasigaye indwi imwe gusa ngo abanyagihugu b’ico gihugu bemeze canke bahakane ko Ubwongereza bwova mu muryango w’ubumwe bwa bulayi.

Igipolisi kiri mu matohoza nayo abategetsi ba reta babaye barabangira kwemeza ko ubwo bwicanyi bwari bufise imvo za politike.
Igipolisi kimenyesha ko cahagaritse umuntu umwe.

Kuva iryo bara riguye, baba abashigikiye canke abadashigikiye ko Ubwongereza buva mu muryango wa Bulayi baciye bahagarika ibikorwa vyo kwiyamamariza ayo matora.

XS
SM
MD
LG