Uko wahagera

Burundi: Umusi Mpuzamakungu Wahariwe Umwana


Umusi mpuzamakungu wahariwe umwana
Umusi mpuzamakungu wahariwe umwana

Agateka k’abanagatera gatituka, mu Burundi, vyemezwa na bamwe mu barongoye amashirahamwe aharanira agateka k’abana. Ivyo babishikirije kuri rino genekerezo rya 16, ukwezi kwa gatandatu, umusi mpuzamakungu wahariwe umwana w’umunyafirika.

Mu Burundi na cane cane ku mirwa mikuru y’intara, biribonekeza ko agateka k’abana atako kifashe. Hibonekeza ku bwinshi abana bo mw’ibarabara, ata kindi bakora atari ugusegerereza.

Abo bana abenshi bafise musi y’imyaka icumi. Kubaho nabi mu miryango ni kimwe mu bituma abo bana baja gutega amaboko mu bisagara, nk’uko bavyivugira.

Eric, umwe muri abo bana, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko aja gusega kuko ata mikoro bafise mu muryango. Avuga ko hamwe yoronka uwumurihira yoja kw’ishure.

Mu runani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana, mu Burundi FINADEB, bemeza ko abana basega, mu mabarabara, baguma bagwirirana uko umwaka utashe.

Umushingwamanza, Jacques Nshimirimana arongoye urwo runani. Afatiye ku bana bari mw’ibarabara, mu mwaka w'i 2010, avuga ko abo bana bagwiriye cane. Asaba Leta y’Uburundi gushiraho politike yotuma abo bana bava mu mabarabara.

Ikindi uwo arongoye urwo runani ashikiriza, kiriko gitosekaza agateka k’abana, muri kino gihe mu Burundi, n’urudandazwa rw’abana b’abigeme ruvugwa mur’ino misi. N’aha Jacques Nshimirimana atera akamo Leta y’Uburundi kugira ico ikoze.

Umusi mpuz’amakungu wahariwe umwana w’umunyafirika, wibutsa Abarundi n’amakungu ubwicanyi bwakorewe abana bo mu gisagara ca Soweto, mu gihugu ca Afrika y’epfo mu 1976. Abo bana bariko biyamiriza intwaro karyanishamiryango ya Apartheid. Umusi wahariwe umwana w’umunyafrika washinzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu 1991.

I Bujumbura, Evariste NZIKOBANYANKA, Ijwi ry’Amerika.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:29 0:00

A

XS
SM
MD
LG