Uko wahagera

BURUNDI: Isabukuru mpuzamakungu y’Amareresi


President wa FESTICAB Leonce Ngabo
President wa FESTICAB Leonce Ngabo

Ku musi wa gatanu, igenekerezo rya 17 ry’ukwezi kwa gatandatu, mu Burundi haratunganijwe icese isabukuru mpuzamakungu y’amasinema FESTIVAL INTERNATIONAL DU CINEMA ET DE l’AUDIOVISUEL: FESTICAB, mu mpfunyapfunyo.

Iyo n’isabukuru, igira umunani, itunganijwe mu Burundi.

Iyo sabukuru yama iba rimwe mu mwaka, ifise umugambi wo gushira ahabona no guteza imbere amasinema hamwe n’amasanamu ya cinema arangurwa n’abarundi hamwe n’abanyamahanga, akerekanwa mu makungu.

Iyo sabukuru itegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 17 gushika kw’igenekerezo rya 24 ry’uku kwezi kwa gatandatu, ikazobera mu bibanza bishika umunani, maze amasenema nayo akerekanwa mu gihugu cose c’Uburundi, mur’ico kiringo c’indwi yose iyo sabukuru izomara

Uburundi mur’iki gihe nibwo kandi burongoye ishirahwme ryo mu buseruko bwa Afrika mu vyerekeye itunganywa n’ihayanishwa ry’amasinema; President wayo akaba ari Leonce Ngabo, asanzwe ari n’umukuru wa FESTICAB.

Icivugo c’imisi yo guhimbaza no guhayanishwa ibikorwa birangurwa n’abarundi mu vyerekeye amasinema, n’ukurekuriranira hagati y’abarundi.

Mur’iki kiganiro, umushingantahe Leonce Ngabo, arinawe mukuru w’ishirahamwe, aratubwira ukuntu iyo sabukuru y’isenema yatunganijwe, abayitumiwemwo, amasinema azohayanishwa hamwe n’umugambi, iyo sabukuru izorangura:

Mushobora kwumviriza:

please wait

No media source currently available

0:00 0:53:15 0:00

XS
SM
MD
LG